Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Amakuru ababaje MASTERLAND yakoze isanganya amagara yiwe ameze nabi cane arasaba amasengesho

Posted on December 16, 2017December 17, 2017 by admin

Umuhinyanyuzi akongera akaba umuririmvyi MASTERLAND akora umuziki w’uburundi mugukomeza akorana ishaka ridasanzwe na canecane yereka abafana biwe kwashoboye umuziki abaha indirimbo anama Video bibakora kumutima bakumvako baryohewe nkuko aheruka gusohora Video nshasha y’indirimbo ALIMA uno mwaka w’2017 abenshi bakomeje kuyikunda cane ukobayiravye barayishima.

Twobamenyesha abanywanyi mudukurikira kukinyamakuru Umudundo Wacu ko duhejeje kuronka amakuru  ababaje cane y’umuhinyanyuzi akaba n’umuririmvyi MASTERLAND aramerewe nabi cane gose gushikaho yumvako amagara yiwe atifashe neza aho kuruwu w’Imana (DIMANCHE) mugatondo niho yashoboye gukora isanganya rikomeye cane rituma amagara yiwe yononekara ngo ubu yumva afise agahinda kadasanzwe kumutima arasaba abafana biwe bose ahobari hose y’uko botangura amasengesho y’Imana bakamusengera kugira ashobore gukira.

Kugira arabeko amagara yiwe yosubira kumererwa neza akiyumva neza mumubiri ntayahindi ngo yumva afise agahinda kadasanzwe kubona ashoboye gutakaza ibikorwa vyinshi yari yarabateguriye imbere y’uko umwaka w’2017 uhera kuko yari yabateguriye ibiteramo vyinshi muntara zitanduakanye zigize igihugu c’uburundi arabatangariza ko ivyobiteramo atazobikora impamvu zibitumye ni amagara yiwe atifashe neza muramwihanganira muga gikuru arabasaba amasengesho.

Masterland akaba ashoboye kubimenyesha abafana biwe y’uko bomusengera kubera arakeneye amasengesho yabo arabeko harico Imana yomukorera agasubira kugira amagara meza kandi iryo sanga yakoze ryaratumye ijisho ryiwe rimererwa nabi yaragiye kwamuganga baramugiriye ivyitwa”surgery” arabandanya ababwira ngo afise agahinda gakomeye kuko yarafise gahunda ko kubategurira ibiteramo vya TOUR ALIMA vyari kubera muntara ya Bujumbura, Ngozi , Kayanza,Kirundo.

Ibiteramo yari yabateguriye vyarikuba mpumera zuno mwaka ariko ngo ziciye zipfa zose kubera isanganya yakoze ryatumye ryonona amagara yiwe ikindi aravuga ngo abamukunda mwese mpumugumizeko umutima mukomeza kumesengera kubera wewe yari yipfuje kugumana namwe muryoherwa hamwe mubiteramo vyiwe none ntibigishobotse yasozeye avuga y’uko hari abantu vyahimbaye kubona agir’isanganya bamaze kumva ko yagize isanganya ariko ngo imigambi y’Imana sicokimwe nkiy’abantu.

Muga Masterland ntiyacitse intege arabizeza abafana biwe muzosubira kubonana amaso muyandi kubw’inkomezi z’imana ngo mukomeze kumusengera nkuko muvyumviseko amagara yiwe amerewe nabi kubw’isanganya yakoze kuruwu w’Imana itariki 10/12/2017.

Uno muhinyanyuzi akongera akaba umuririmvyi Mastserland yashoboye kwandikira ubutwuma abafana biwe abamenyesha igituma gahunda yari yarabateguriye mpumera zuno mwaka zitakibaye yagize ati:” Ndi n’agahinda gakomeye ko gutangariza abafans banje ko gahunda zitandukanye nari nabateguriye mu mpera z’uyu mwaka ko ntashoboye kuzibandanya harimwo urukurikirane rw’ibiteramo vya #AlimaTour 
-29/12/17, Bujumbura 
-30/12/17,Ngozi 
-31/12/17,Ngozi 
-01/01/18, Kirundo 
-06/01/18, Kayanza 
Ndikumwe n’abandi baririmvyi, 
Harimwo kndi n’indirimbo z’amacollabos nakoranye n’abandi zategerezwa gusohoka mu mpera z’uyu mwaka bikaba birurutse kuri État y’amagara yanje yifashe nabi cane inyuma y’isanganya nagize k’uwu w’Imana mu gitondo aho vyatumye ngirirwa #surgery y’ijisho ryababaye.. Bigashobora kuntwara igihe ntamerewe neza .. Ndakeneye amasengesho yanyu, abankunda mungumizeko agatima, nipfuza kugumana namwe ariko umuntu aripfuza Imana igateka.. Hari abo vyahimbaye ariko imigambi yayo si nk’iyacu.. Tuzosubira kuba kumwe kubw’inkomezi zayo.. 
Mboneyeho akaryo ko kubipfuriza umwaka mushaa muhire muze muwurye ntubarye, Imana ibarinde ibiza n’ivyago. #Happynewyear2018 #Ngendakumana

Posted in NEWSTagged MASTERLAND

Post navigation

Ararahira akarengwa ASHLEY DIVA amwihakanye SAT-B ntibari murukundo s’umugabo wiwe
WATCH VIDEO:- Qu’est ce qu’il ya By Mr Champagne ft Big Fizzo

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live