Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

AMAFOTO | igiteramo ca KIDUM yujuje EFI nta munyamahanga yarimwo

Posted on March 4, 2018March 4, 2018 by admin
Kuri uyu w’Imana kw’igenekerezo rya 04/03/2018 aho igihangange c’umuziki w’uburundi hamwe no muri kano karere turimwo ka Africa y’ubuseruko ariwe umuririmvyi KIDUM yashoboye gukora igiteramo gikomeye cane gose cakataraboneka mu Burundi bwose ciswe IVYIZA VY’IWACU akaba yari yagitumiyemwo abaririmvyi nka SAT-B , B-FACE na PEACE AND LOVE atibagiye n’umukomedi KIGINGI.
 
Ncabereye mu Nyakabiga mukibanza kizwi cane kw’izina rya EFI NYAKABIGA kikaba kitari coroshe kuko citabiriwe n’abarundi benshi cane gose kandi abenshi babuze naho bahonyora kubera ubwinshi bwabo kikaba cagenze neza abari bacitabiriye bose bari banezerewe kandi batashe baryohewe bikugura ngo ribaye imbonekarimwe kubona umuririmvyi w’umurundi nka KIDUM akora igiteramo kikitabirwa n’abantu benshi barenga ibihumbi mirongo ibiri.
Icabatangaje n’ukuntu umuririmvyi KIDUM yabateramishije kubuhinga batari bamenyereye kubona mubiteramo bikora abaririmvyi b’abarundi kuko indirimbo zose ziwe yazikoze imbonankubone zicurangwa ( LIVE ) ikindi cabatanganje ukuntu bari benshi cane agashobora kuzuza ikibanza ca EFI NYAKABIGA kandi ngo nta muririmvyi w’umunyamahanga yararimwo kugira bamuhurumbire baze kumurabe.
 
Ariko ikintu ncabashimishije ni kuba bavuye imuhira iwabo baje kwirabira ingene abaririmvyi b’abarundi babateramisha kuko nakare barashoboye tubibutse ko umuririmvyi KIDUM yaramaze umwaka wose ataza mugihugu c’uburundi kuhakorera ibiteramo navyo bikaba biri muvyatumye abafana biwe baza ari benshi kumuraba mugiteramo IVYIZA VY’IWACU.
Mu kubateramisha mundirimbo ziwe zibaryohera ngo yabemeje kuvyo yabakoreye kuri EFI NYAKABIGA bazokwama bamwibuka.

Posted in ENTERTAINMENTTagged KIDUM KIBIDO

Post navigation

WATCH VIDEO | Nidate By Kidum Ft G Shine
KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live