Kuri uyu w’Imana kw’igenekerezo rya 04/03/2018 aho igihangange c’umuziki w’uburundi hamwe no muri kano karere turimwo ka Africa y’ubuseruko ariwe umuririmvyi KIDUM yashoboye gukora igiteramo gikomeye cane gose cakataraboneka mu Burundi bwose ciswe IVYIZA VY’IWACU akaba yari yagitumiyemwo abaririmvyi nka SAT-B , B-FACE na PEACE AND LOVE atibagiye n’umukomedi KIGINGI.
Ncabereye mu Nyakabiga mukibanza kizwi cane kw’izina rya EFI NYAKABIGA kikaba kitari coroshe kuko citabiriwe n’abarundi benshi cane gose kandi abenshi babuze naho bahonyora kubera ubwinshi bwabo kikaba cagenze neza abari bacitabiriye bose bari banezerewe kandi batashe baryohewe bikugura ngo ribaye imbonekarimwe kubona umuririmvyi w’umurundi nka KIDUM akora igiteramo kikitabirwa n’abantu benshi barenga ibihumbi mirongo ibiri.
Icabatangaje n’ukuntu umuririmvyi KIDUM yabateramishije kubuhinga batari bamenyereye kubona mubiteramo bikora abaririmvyi b’abarundi kuko indirimbo zose ziwe yazikoze imbonankubone zicurangwa ( LIVE ) ikindi cabatanganje ukuntu bari benshi cane agashobora kuzuza ikibanza ca EFI NYAKABIGA kandi ngo nta muririmvyi w’umunyamahanga yararimwo kugira bamuhurumbire baze kumurabe.
Ariko ikintu ncabashimishije ni kuba bavuye imuhira iwabo baje kwirabira ingene abaririmvyi b’abarundi babateramisha kuko nakare barashoboye tubibutse ko umuririmvyi KIDUM yaramaze umwaka wose ataza mugihugu c’uburundi kuhakorera ibiteramo navyo bikaba biri muvyatumye abafana biwe baza ari benshi kumuraba mugiteramo IVYIZA VY’IWACU.
Mu kubateramisha mundirimbo ziwe zibaryohera ngo yabemeje kuvyo yabakoreye kuri EFI NYAKABIGA bazokwama bamwibuka.