Umuririmvyi JUMA JUX asanzwe ari igihangange c’umuziki w’igihugu ca Tanzania yaramaze iminsi ari mugihugu c’uburundi bwacu kuhakorera ibiteramo vyatunganije n’inzu ya BANTU BWOY hakaba haherutse kuba igiteramo gikomeye cane gose cabereye kuri La Costa Beach i Bujumbura kw’igenekerezo rya 28/02/2018 ,aho citabiriwe n’abantu benshi benshi cane gose kandi bari bafise umunezero udasanzwe twobamenyesha ko bari bahishikiye bose bari buzuye umunezero mwinshi.
Aho uwo muririmvyi wo muri Tanzania yashoboye kuberakako akunda cane gose igihugu c’uburundi kuko yaje yambaye ibintu vyakaranga n’imicokama y’uburundi bakavugako ryabeye ibonekarimwe mu Burundi hashobora kuboneka umuririmvyi w’umunyamahanga atera iteka uburundi mu kubugaragaraza neza aho yaje anafise idarapo y’igihugu c’uburundi nkuko JUX JUMA.
Nawe yabashimiye cane abarundi k’urukundo bamweretse akavuga ngo yaratangaye kubona ukuntu bitabiriye igiteramo categuruye na BANTU BWOY RECORDS ntiyaraziko hoshobora kuboneka abantu benshi nkabo yiboneye kuri LA COST BEACH kandi yarabiciye biracika mukubateramisha mundirimbo ziwe.
Munywanyi w’ikinamakuru canyu UMUDUNDOWACU.COM nkuko twabikubariye irabire nawe ay’amafoto ingene umuririmvyi JUMA JUX yateye iteka igihugu c’uburundi mukugaragaraza inyambaro z’akaranga k’imico kama y’uburundi mu gushobora kuvyerekana kuri scene imbere y’abarundi benshi cane gose yanashoboye kubereka ibindera ry’uburundi ko nawe abukunda buri kumutima wiwe.
RAB’AMAFOTO YINGENE IGITERAMO CAGENZE CARI CATEGUWE NA STUDIO BANTU BWOY CABEREYE KURI LA CPSTA BEACH MU KWITABIRWA N’ABANTU BENSHI CANE GOSE UHUTAHASHITSE NGO YARAHOVYE