Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Akomeje kwiyemera SAT-B ngo nta ndirimbo ihari isumba iyoyise“FEEL LOVE“muzasohotse uno mwaka harabakoze izokumutuka

Posted on December 23, 2017December 29, 2017 by admin
Umuririmvyi SAT-B asanzwe ari mubihangange vy’abaririmvyi b’abarundi bakora neza umwuga wawo w’umuziki w’uburundi bagashimisha abafana babo mugihe babasohoye nk’indirimbo canke Video n’uko rero wewe aharaheze iminsi asohoye indirimbo yiwe nshasha yise “ FEEL LOVE “ayisohorana Audio na Video ayinonosoye neza mu kuyitondera ayishiramwo amajambo y’urukundo aryohera ababariko barayumviriza bongera bayiraba nkuko vyagaragaye imaze gusohoka. 
Yongera ayikorera n’amasanamu meza kuva ayisohoye k’umugaragaro hari kw’igenekerezo rya 01/12/2017,niho abafana biwe batangura kuyumviriza no kuyiraba barayikunze ukuntu yayikoze neza baramuteye intege zidasanzwe bakavugako bashimishijwe cane ukuntu Video ikozwe n’ubuhinga batari bamenyereye kubona mpuma Video y’indirimbo zikorwa m’umuziki w’uburundi bwacu gushika nubu bakomeza kuyikunda ari benshi.
SAT-B yararyohewe kumutima kumva abafana biwe bashimye Audio & Video yiwe nshasha y’indirimbo“FEEL LOVE“ twobamenyesha ko amakuru twashoboye kuronka n’uko uwo muririmvyi yavuze ko iyo ndirimbo yiwe yaje itorosha kuko yarazimije izindi indirimbo zose zagiye zirakora abaririmvyi b’abarundi akanavuga y’uko uno mwaka wose w’2017 ntayindi indirimbo ihari yoza isumba iyiwe aherutse gusohora.
Kuko aravye neza uno mwaka ukowagenze muri rusanga abonako abaririmvyi b’abarundi barakoze bose ariko wewe ngo hariho abafise agashavu kuva bumvise ko yasohoye indirimbo FEEL LOVE baciye bazima ikindi yavuze hariho abaririmvyi bishinze gukora indirimbo zokumutuka bigira ibihangange muga wewe amaze gushira ahagaragara Audio na Video bishasha vyiyo ndirimbo yiwe ngubu hoho ngo bayumvise irikuvuzwa mutuzu tw’ubutambiro ( CLUB ) baca batangura gushwana.
Umuririmvyi Sat-B avuga ngo ni akamuna kubona abaririmvyi bashwana kubera bumvise indirimbo  yiwe“FEEEL LOVE “naho atashoboye kubavuga amazina  mbega munywanyi ukunda umuziki w’uburundi woba warumvise indirimbo yasohotse y’umuririmvyi kanaka atuka umuririmvyi SAT-B imbere y’uko asohora Audio na Video vyiyondirimbo  nkuko avuga ngo harabakoze izokumutuka ?
Twobamenyeshako indirimbo “ Feel Love“ iri mundirimbo zisigaye zikunzwe cane mugisagara ca Bujumbura no muntara hagati yumvirizwa cane.

Posted in NEWSTagged SAT-B

Post navigation

WATCH VIDEO: – Ubuziraherero By Miss Erica
LISTEN AUDIO :- Natamani By Tofy Gas Ft Fablove

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live