Inyuma yaho umuririmvyi AKES DON amenyesheje abafana biwe ko amaze iminsi yumva ijwi rya Mpemuyera rimubarira ngo akorere Imana akiri muzima mu kuyiririmbira kuko yohezagira abantu benshi niho yaciye abasaba impanuro bamufashe kugira ashobore guhitamwo neza nimba yorekana no gukora indirimbo z’isi cangwe agakora indirimbo zihimbaza Imana rero akaba yarahawe impanuro nyinshi.
Akaba yarashoboye kuzikurikiza no gushobora kwiyumvira ico yihitamwo kugira azorangize neza ubuzima bwiwe ari muri Mpwemuyera yarayikoreye mu kuyitazira no kuyihimbaza twobamenyesha ko ataminsi myinshi ihaciye adasubiriye kugira ico abariye abo bafana biwe bamuhaye impanuro zitandukanye kugira ashobore gukorera Imana.
Mugihe yabamenyesha ati :“Kenshi ndakunda kwumva umutima umbwira uti Akes korera Imana ukiri muzima kuko iryo jwi ufise ryohezagira benshi uriko uhayagiza Uhoraho. muruwo mwanya nkaca nibuka ko mfise indirimbo zitatu za gospel zitarasohoka kandi ndazimaranye imyaka myinshi. basha duhanurane.
Hari kw’igenekerezo rya 24/04/2018 niho umuririmvyi AKES DON yasubiriye kuyaga n’abafana biwe avuye mugacerere yongera arabamenyesha ko hariho igikorwa gishasha yahejeje gukora c’indirimbo ihanura ikongera ikagira amajambo menshi azoshobora kubafasha kubahummuriza k’umutima mumwanya bazoba bayumvirije amaze kuyisohora kandi ntiyayikoze ariwenyene.
Kuko ico gikorwa yagikoze arikumwe bavukanyi biwe bavuka munda imwe basangiye abavyeyi bompi uko ari babiri ni abaririmvyi bazwi cane gose m’umuziki w’uburundi kandi cerekeye kuririmbira Imana akaba yavuze ko muminsi irimbere agiye kuzosohora indirimbo yiwe nshasha irimwo amajambo ateye ubwoba kandi ivuga ivy’ijambo ry’Imana yongeye arabasaba ko bomufasha kuyitorera izina kuko yabahaye amazina abiri ariyo ( GITANDARA , SHIMWA MANA ).
Umuririmvyi AKES DON yavuze ko haciye imyaka myinshi abazwa ikibazo kimwe kivuga ngo igituma atarakorana indirimbo n’abatoya biwe aribo CHRIS & JUNIOR kuko bose barazi kuririmba bagiye hamwe bagakora indirimbo yaryohera benshi nkuko yabimenyesheje yabandanije avuga y’uko vuba bagiye kuzosohora indirimbo nshasha ikaba itoroshe kubera irmwo amajambo aremereye kandi ateye ubwoba.
Akongera agahanura aho bahisemwo kuyikora babicishije muri GOSPEL mwomenya ko rizoba ribaye iryambere abavukana bakorana indirimbo mugushira hamwe amajwi yabo rero ngo babikoze vuba bazoyibumvisha barizera ko izobahanura muga kugeza ubu ntazina barayitorera barabasavye mwese abafana babo kubafasha gutora izina hagati yano mazina abiri :“ GITANDARA , SHIMWA MANA.“