Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi BIG FIZZO basigaye batazira THE BANTU BOY kubera akundwa cane gose n’insinzi ry’abangtu benshi bakunda ukuntu akora umuziki nk’ugukora indirimbo zibaryohera akongera akabateramisha mubiteramo bitandukanye haba mugihugu c’uburundi avukamwo canke mpumahanga kuko afise ubuhinga burenze bwo kuririmba.
Rero amakuru mashasha agezweho y’umuziki w’uburundi bwacu twashoboye kuronka y’umuririmvyi BIG FIZZO kuruno munsi wa gatandatu ariko ashobora kunezera abantu bakumda ibikorwa vyiwe na canecane aba fans biwe n’uko yahisemwo kutangura uy’umwaka w’2018 mushasha agomba kuteza imbere abaririmvyi batoya biwe bafise ingabirano zidasanzwe zo kuririmba aho agiye ngo muminsi yavuba kuguruza STUDIO yiwe nshasha ije kubica bigacika mugihugu c’uburundi bwose, izohora ifata amajwi “ RECORDS“.
Ikongera igateza imbere izongabirano zabo agiye gukora nkakurya igihangange c’umuziki wa Tanzania Diamond Platnumz yashoboye kuruguza Studio agaheza akayizanamwo abastara bafise ingabirano ubu bakomeje gutera imbere muguca yuguruza LABEL niko nuno muririmvyi Big Fizzo akomeye cane mugihugu c’uburundi mugisata c’umuziki agiye kuzobikora arabamenyeshako iyo Studio yiwe nshasha yamaze kuyitorera izina yayise THE BANTU BOY RECORDS.
Icivugo ca Studio Bantu Boy yacanditse kubwinjiro bw’umuryango ni THE UNIVERSE OF TALENT bisobanuro mukirundi ko ar’inzu izokoreramwo urwaruka ikindi mwonyeyako izayaratanguwe gukorwa neza vuba barayiheza kuyikora hama ihenze itangure ibikorwa nyezina nubwo hatarashobora kumenyesha umuhinyanyuzi azoyikoreramwo mu kumufasha guhinyanyura indirimbo zizoba ziriko zirakorerwaho.
Aho Big Fizzo ngo agomba guteza imbere umuririmvyi wese afise ingabirano yokuririmba azoheza amuhe ikaze ikindi twashoboye kubona kuriyo studio yiwe nshasha n’uko yatanguye kuyishariza ayandikako ibicapo bijanye n’ibikorwa bizohakorerwamo nkuko muvyibonera kurayo amafoto ni vuba aratangura kuyikoreramwo arahaye ikaze umuririmvyi wese afise ingabiro z’ukuririmba azishire k’umugaragaro aciye muri THE UNIVERSE OF TALENT.
Twobamenyesha abanywanyi b’umuziki w’uburundi namwe abaririmvyi mufise ingabiro zo kuririmba ko iyo Studio y’umuririmvyi Big Fizzo yashimye ko izokorera mugisagara ca Bujumbura abayikaneye kuyiraba canke kuyikoreramo mwese ngo muhawe ikaze ntimwitinye muzoharonka iterambere rikomeye mubikorwa vy’umuziki muzohakorera.
big fizzo the bantu boy song mbeleee niwe ubaye umuririmvyi wambere wiyumviriye igikorwa ciza nkico niwirambireee