Umuririmvyi PETI DANY n’umurunganwe rushasha kandi akiri mutoya agifise amaraso ashushe yo gukora umuziki w’uburundi agashimisha abarundi benshi kuko ngo uno mwaka afise ibikorwa vyinshi ariko arabategurira abarundi bakunda indirimbo ziwe kuko ubu yamaze kuronka umuntu amufata mumugongo mu kumushigikira mu kazi k’umuziki akora.
Akavuga ko yaronse umu Maman azohora amufasha mu gutunga uburyo dutandukanye mugihe azoba ariko arakora nk’indirimbo cangwe Video arabandanya avuga ngo afise umunezero mwinshi cane gose kandi udasanzwe kuba yariyumviriwe nuwomu Maman agashima gukorana nawe nkuko yabiganiriye ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM yashimye kugirako anavuga izina rya MANAGER wiwe mushasha.
Yitwa NURIA rero niwe yamwiyemeje kumukurikirana m’umuziki w’uburundi azorangura umwaka wose barikumwe naho umuririmvyi PETI DANY atashimye kuvuga imyaka boba basiniraniranye kuzokorana.
Ikindi arabamenyesha aba fans biwe ko hariho indirimbo yiwe nshasha vuba agiye kuzosohora arabasaba kuyitegurira muri benshi kuko araziko izobaryohera kuko azoyisohorana Video ngo mwitegurire bishasha bizobaryohera kuko uy’umwaka w’2018 yaje ari umuririmvyi atavyorosha mu kuzobanezereza.