Umuririmvyi VICHOU LOVE agize umurwi PEACE AND LOVE ukora umuziki w’uburundi ngo uno mwaka ategerezwa kubandanya akora indirimbo nyinshi zizobaryohera aba fans biwe aho ni mugihe yakubitiye mugihugu kibanyi c’urwanda kuharangurira ibikorwa vy’umuziki wiwe mu kuwaguma akawushikana kure mubihugu bigize East Africa.
Ariko umuririmvyi VICHOU wa Peace and Love ngo yashimye gutangurira mu Rwanda akaba yahakoreye indirimbo zitarinkeya kuko yahavuye agendera Studio KINA MUSIC niho guca ahakorera indirimbo yiwe nshasha yambere kuko ntiyayikoranye wenyene ahubwo yashimye kuyifadikanye n’umunyarwandakazi w’umuhanzikazi adasanzwe mu gukora umuziki nyarwanda bemera cane amaze kubaka izina ryiwe muri East Africa aricishije mundirimbo za Audio na Video.
Nkuko yampa akorana ama collabo n’abaririmvyi bakomakomeye bo muri Africa azwi kw’izina rya KNOWLESS niho guca batangura kwinjiza amajwi nkuko amakuru tubandanya turonka abivuga n’uko umuririmvyi VICHOU LOVE agiye kuzobaryohera cane gose abanywanyi b’umuziki w’uburundi hamwe n’aba fans biwe bose bazoyakira neza kubera izobashimisha aho yayiririmvye ashizemwo ubuhinga bukomeye bwo kuryohera umuntu wese azoyitega amatwi.
Kuko iyo ndirimbo yiwe nshasha yakoranye n’umunyarwandakazi KNOWLESS izoba iryoshe cane gose kuko ni indirimbo bitondeye gukora arizera ko izogira ico ifashije abarundi n’abanyarwanda benshi bazoyumviriza kandi izobarwa neza cane gose k’umutima bamaze kuyumva ikindi twobamenyesha n’uko igiye kuzosohoka vuba mu kuyishira k’umugaragaro tubibutse ko bayikoreye mugihugu c’urwanda muri Studio Kina Music.