Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

Abari bakumbuye MKOMBOZ vuba mwitegurire indirimbo yiwe nshasha

Posted on January 20, 2018January 20, 2018 by admin

Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi MKOMBOZ ari n’umuraperi akomeye cane gose kandi yemerwa n’abantu benshi ukuntu akora indirimbo zibaryohera kubera ubutumwa akoresha mukuririmba aho abenshi bamumenyeye cane nko mundirimbo NZEYIMANA , PAPA NZEYIMANA n’indindi nyinshi zatumye ngo abarundi n’abarundikazi abahumuriza umutima kuko banyuzwe n’ubutumwa bw’amajambo yakoreshejemwo.

Amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi twabazaniye y’igihangange umuririmvyi MKOMBOZ n’uko abarundi n’abarundikazi bamaze igihe kinini bibaza iyo yoba yaragiye kuko baramukumbuye cane gose kumwumva mundirimbo  bongera baryoherwa n’ubutumwa bubahumuriza k’umutima bakibaza igituma umwaka uheze hamwe nuno mwaka twatanguye w’2018.
Badashobora kumva igikorwa ntakimwe ciwe gishasha na cane cane aho yabamenyereje kubaha indirimbo nshasha uko amezi aheze hatarenga adasohoye indirimbo vyatumye gushika ubu bamukumbura cane nkuko twagerageje kubaronderera amakuru y’umuririmvyi Mkombozi ngo kurubu ariko arabategurira igikorwa gishasha cugurura uy’umwaka m’umuziki w’uburundi akora mu kunezerwa.
 
Umuririmvyi MKOMBOZ w’umuraperi mwemera cane indirimbo ziwe,arabamenyesha ngo nta minsi myinshi igisigaye kugira ashobore gusohora indirimbo yiwe nshasha yambere ya 2018 izoza idasanzwe kuko izobirimwo ubutumwa bw’amajambo meza y’inkoramutima ikazoba yerekeye ubuzima bwiwe yagiye aracamwo ari munkambi ya Mtabila yo mugihugu ca Tanzania aririmba anayishimagira kandi avugako yanka ubuhungiro.
 
Rero aba fans biwe bose aho muri hose mwitegurire iyo ndirimbo yiwe nshasha igiye kuzobashwaramwo kuko yanamaze no kuyitorera izina ryayo ikazoba yitwa «MTABILA CAMP » ikindi abamenyesha n’uko muzoryoherwa cane ni mwayumviriza.

 
Kubera yanashoboye kuyikorana n’umwigeme atashimye kubabwira izina ryiwe twonabamenyeshako umuririmvyi Mkomboz mwakino gihe asanzwe aba mugihugu c’urwanda ninaho ariko arakorera indirimbo yiwe nshasha yise MTABILA CAMP muri Studio CAPITAL RECORDS arangiza abibutsa ati nta mwanya  wokuraba umwanya.

Posted in ENTERTAINMENTTagged MKOMBOZ

Post navigation

7 N’IGIHARURO C’IMANA NTA BWOBA DUFISE
HAPPY FAMBA YATANZE INFASHANYO YO KWIYUNGURUZA KUBUNTU NAHO IGITORO CADUGIJWE IBEYI

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live