Igihangange c’umuziki w’uburundi umuririmvyi MKOMBOZ ari n’umuraperi akomeye cane gose kandi yemerwa n’abantu benshi ukuntu akora indirimbo zibaryohera kubera ubutumwa akoresha mukuririmba aho abenshi bamumenyeye cane nko mundirimbo NZEYIMANA , PAPA NZEYIMANA n’indindi nyinshi zatumye ngo abarundi n’abarundikazi abahumuriza umutima kuko banyuzwe n’ubutumwa bw’amajambo yakoreshejemwo.
Amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi twabazaniye y’igihangange umuririmvyi MKOMBOZ n’uko abarundi n’abarundikazi bamaze igihe kinini bibaza iyo yoba yaragiye kuko baramukumbuye cane gose kumwumva mundirimbo bongera baryoherwa n’ubutumwa bubahumuriza k’umutima bakibaza igituma umwaka uheze hamwe nuno mwaka twatanguye w’2018.
Badashobora kumva igikorwa ntakimwe ciwe gishasha na cane cane aho yabamenyereje kubaha indirimbo nshasha uko amezi aheze hatarenga adasohoye indirimbo vyatumye gushika ubu bamukumbura cane nkuko twagerageje kubaronderera amakuru y’umuririmvyi Mkombozi ngo kurubu ariko arabategurira igikorwa gishasha cugurura uy’umwaka m’umuziki w’uburundi akora mu kunezerwa.
Umuririmvyi MKOMBOZ w’umuraperi mwemera cane indirimbo ziwe,arabamenyesha ngo nta minsi myinshi igisigaye kugira ashobore gusohora indirimbo yiwe nshasha yambere ya 2018 izoza idasanzwe kuko izobirimwo ubutumwa bw’amajambo meza y’inkoramutima ikazoba yerekeye ubuzima bwiwe yagiye aracamwo ari munkambi ya Mtabila yo mugihugu ca Tanzania aririmba anayishimagira kandi avugako yanka ubuhungiro.
Rero aba fans biwe bose aho muri hose mwitegurire iyo ndirimbo yiwe nshasha igiye kuzobashwaramwo kuko yanamaze no kuyitorera izina ryayo ikazoba yitwa «MTABILA CAMP » ikindi abamenyesha n’uko muzoryoherwa cane ni mwayumviriza.
Kubera yanashoboye kuyikorana n’umwigeme atashimye kubabwira izina ryiwe twonabamenyeshako umuririmvyi Mkomboz mwakino gihe asanzwe aba mugihugu c’urwanda ninaho ariko arakorera indirimbo yiwe nshasha yise MTABILA CAMP muri Studio CAPITAL RECORDS arangiza abibutsa ati nta mwanya wokuraba umwanya.