Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

ABAGORE BABA KWINSHI UYU WEWE NGO ARYAMANA N’IGITARI

Posted on January 16, 2018January 16, 2018 by Idriss Simbizi

Burya munsi y’izuba hari amabanga menshi naho isi idasakaye. Nuko umuntu adashoka amenya ikiri muri mugenzi we ariko burya umwuga wo kumenyesha amakuru twasanze usa n’umwuga wo gusakuza kuko birashika naho uriko utohoza inkuru wisanga winjiye mubwonko bw’umuntu mumwanya biba bikenewe.

Nkuko vyama mu gisagara ca Bujumbura, ni vyinshi biharangurirwa ariko urudandazwa rwubu rusa nururiko ruriyagura aho bamwe bamwe bihaye ihangiro ryo kudandaza impano kavukire.

Ngiyi inkuru twahawe n’umwe mu basanzwe badandaza ubumenyi bwo gucuraranga inanga bita Guitare, uwo nawe s’uwundi yitwa NDUWAYEZU Simon abo bamaze gukorana nawe bakaba bamwita SIMON MELODY kenshi iyo ariko arabahinyanyurira indirimbo muri studio asanzwe akoreramwo ariyo Maibobo records.

Simon Melody Muri Maibobo records
Simon Melody Muri Maibobo records 

Muncamake Simon Melody nkuko yavyiganiye ikinyamakuru Umudundowacu avuga ko yakuriye mumuryango w’abanyamuziki aho wewe yakuze akunda cane igitari kuburyo abonye n’uwugifise biruka gutyo aca aja kukinonosora neza kuri Centre Jeune Kamenge aho atubwiye ko n’abigisha bakimwigisha bamukunda cane kuko ivyo bamwereka yabitora nk uwudubuye.

Igitari na Simon wewe akubwira ko ari nk’Umugabo n’umugore kuko aho Simon ari niho n’igitari kiba kiri kuko ari kimwe mu bimwubakiye ubuzima narirya acifashisha mu kuvuza mu Bubare butandukanye ndetse no mu manza gutyo kikamuviramwo amikoro mu mibereho yiwe narirya Igitari ari naco catumye yiga Ivyo Gutunganya indirimbo bituma aronka n’abaririmvyi akorera indirimbo bakamuriha.

Nkuko twama tubikora na rirya turi muntango z’umwaka twamubajije imigambi afitiye umwaka wa 2018 yatwishuye ati:”Dusanzwe dufise ishirahamwe ryitwa NEW COMER FONDATION rikaba rifise igisata co kwigisha ivy’umuziki, twahisemwo yuko twosabikanya impano Imana yaduhaye gutyo tukaziha n’urundi rwaruka ndetse n’abakuze bavyipfuza mu kwigisha abo bose bumva ko babikeneye.” Yaciye abandanya atera akamo urwaruka na cane cane ko rwokura amaboko mumpuzu kuko kazoza kubu kari mu minwe y’uwugakeneye ari naco gituma yahamagariye urwaruka gukanguka rugakoresha impano zarwo hama uwushaka kwiteza imbere akoresheje umuziki ko yomwitura akamwibira akabanga yise AKABANGA K’ABAGABO gutyo akabereka inzira wewe abigenzamwo narirya yatubwiye ko umuziki ariwo umutunze gutyo vyoshobokera n’abandi bakitunga akaba yanasavye ababikeneye ko bomurondera kuri numero ya +257 75 324 137.

 

Simbizi

Posted in NEWSTagged Say Simon, Simon Melody

Post navigation

Ariyemera LACIA BADGYAL asumba ngo abaririmvyikazi vuba abaha video
Aremeza CEDRIC BANGY ko ASHLEY DIVA ahena cane vyonona umuziki

Related Post

  • IGITERAMO CAKATARABONEKA INYANZA LAC MWATEGURIWE NA NDAYISABA MAGNIFIQUE
  • Imana ikomeje guhamagara AKES DON ayikorere arekane n’indirimbo z’isi
  • Umuziki ugumye umuteza imbere KID MAGIC azonsinyishwa na SADEBU
  • Concert yakataraboneka
    CONCERT MWATEGURIWE NA J.SAMSON
  • SAT-B ngo indirimbo FEEL LOVE iracari iyambere m’umuziki w’uburundi
  • Ati SAT-B yahageze mu Burundi avuye kubaroga mugihugu ca Tanzania
  • Afise umunezro mwinshi PETI DANY yaronse MANAGER wumu MAMAN
  • KIRIKOU ngo BIG FIZZO azomfasha vyinshi muri LABEL BANTU BWOY
  • Babwira NATACHA akureko ukuboko birabire ibintu yamaze guta akaranga

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live