Burya munsi y’izuba hari amabanga menshi naho isi idasakaye. Nuko umuntu adashoka amenya ikiri muri mugenzi we ariko burya umwuga wo kumenyesha amakuru twasanze usa n’umwuga wo gusakuza kuko birashika naho uriko utohoza inkuru wisanga winjiye mubwonko bw’umuntu mumwanya biba bikenewe.
Nkuko vyama mu gisagara ca Bujumbura, ni vyinshi biharangurirwa ariko urudandazwa rwubu rusa nururiko ruriyagura aho bamwe bamwe bihaye ihangiro ryo kudandaza impano kavukire.
Ngiyi inkuru twahawe n’umwe mu basanzwe badandaza ubumenyi bwo gucuraranga inanga bita Guitare, uwo nawe s’uwundi yitwa NDUWAYEZU Simon abo bamaze gukorana nawe bakaba bamwita SIMON MELODY kenshi iyo ariko arabahinyanyurira indirimbo muri studio asanzwe akoreramwo ariyo Maibobo records.

Muncamake Simon Melody nkuko yavyiganiye ikinyamakuru Umudundowacu avuga ko yakuriye mumuryango w’abanyamuziki aho wewe yakuze akunda cane igitari kuburyo abonye n’uwugifise biruka gutyo aca aja kukinonosora neza kuri Centre Jeune Kamenge aho atubwiye ko n’abigisha bakimwigisha bamukunda cane kuko ivyo bamwereka yabitora nk uwudubuye.
Igitari na Simon wewe akubwira ko ari nk’Umugabo n’umugore kuko aho Simon ari niho n’igitari kiba kiri kuko ari kimwe mu bimwubakiye ubuzima narirya acifashisha mu kuvuza mu Bubare butandukanye ndetse no mu manza gutyo kikamuviramwo amikoro mu mibereho yiwe narirya Igitari ari naco catumye yiga Ivyo Gutunganya indirimbo bituma aronka n’abaririmvyi akorera indirimbo bakamuriha.
Nkuko twama tubikora na rirya turi muntango z’umwaka twamubajije imigambi afitiye umwaka wa 2018 yatwishuye ati:”Dusanzwe dufise ishirahamwe ryitwa NEW COMER FONDATION rikaba rifise igisata co kwigisha ivy’umuziki, twahisemwo yuko twosabikanya impano Imana yaduhaye gutyo tukaziha n’urundi rwaruka ndetse n’abakuze bavyipfuza mu kwigisha abo bose bumva ko babikeneye.” Yaciye abandanya atera akamo urwaruka na cane cane ko rwokura amaboko mumpuzu kuko kazoza kubu kari mu minwe y’uwugakeneye ari naco gituma yahamagariye urwaruka gukanguka rugakoresha impano zarwo hama uwushaka kwiteza imbere akoresheje umuziki ko yomwitura akamwibira akabanga yise AKABANGA K’ABAGABO gutyo akabereka inzira wewe abigenzamwo narirya yatubwiye ko umuziki ariwo umutunze gutyo vyoshobokera n’abandi bakitunga akaba yanasavye ababikeneye ko bomurondera kuri numero ya +257 75 324 137.
Simbizi