Icuka siciza murino minsi hagati y’abafana b’umuririmvyi SAT-B bamaze kumuhinduka kuko ngo ntacizere bakimufitiye kubera barahaze ububeshi bwiwe bwo kuguma abamwira ko afise indirimbo nshasha yise GIRLFRIEND kuvaho yabibabwiriye barambiwe kuko ngo haraheze indwi yose abamenyesha ko agomba kuyisohora hama amaso yabo yahereye mukirere bayirindiranye igishika muga barabuze bamufasheko ari umubeshi adashitsa amasezerano kuribo.
Ariko gushika uno mwanya ngo bakaba atayo babonye kugira bayumvirize ubu abafana ba SAT-B bagumye bamwidogera bahavuye bamubwiza ukuri babona ko niyo ndirimbo GIRLFRIEND avuga ko afise yoba idahari atigeze ayikora ahandi naho baramutera ivyatsi bakanamubwira ngo ashake areke kuyisohora kuko n’ubundi ni ububeshi bwiwe aguma akoresha baramusavye areke kuguma abafata nka marofa atagira ubwenge.
Aho kuguma ababesha ngo arayishora bakarindira indwi yose igahera atacobabonye kurubu barambiwe cane areke kubakinisha nkuko abafana biwe bakomeje kumwidogera baramumenyesha y’uko ashaka areke kuyisohora ntibakiyikeneye kuyumva kubera barushe n’ukuguma ababesha yongera yibaza ko ari ibijuju abenshi batewe n’ishavu ryinshi cane ry’ukuntu abifatira mugahanga mukubakinisha.
Ababwira ngo arayisohora indirimbo yise GIRLFRIEND ariko amaherezo yayo agatahira ku majambo bamurushe baciye bayiheba ntibazonasubira kuyimubaza kuko babonye ko batoguma bizera ivyo ababwira mugihe atabishira mungiro bagatahira kurindira ibidahari ay’amakuru tuzoyagarukako muraguma hafi mukurikirana ikinyamakuru UMUDUNDOWACU.COM kibagezaho amakuru agezweho y’umuziki w’uburundi bwacu ijana kw’ijana.