Skip to content
Menu
  • Home
  • NEWS
  • ENTERTAINMENT
  • AUDIO
  • VIDEOS
  • THE PLAYLIST
  • SPORT
  • Radio
Menu

ABAGENZI BOBO WARABAMPAYE 2018 UZOMPA ISABUNI

Posted on January 12, 2018January 12, 2018 by Idriss Simbizi

Buri muntu agira aho yigira canke atahurira ko hari ikintu kimurimwo. Kenshi bivana naho aba yarakuriye ndetse nabo baba barakuranye. Inyishu zikunda gutangwa n’abaririmvyi benshi usanga ari Abakristo bakunda kwishura ko bakuriye muri Sunday School muga bitandukanye n’uno muririmvyi azwi kw’izina rya Patrick Simbizi asanzwe ari mubagize umugwi Mirror Team.

Patrick Simbizi
Patrick Simbizi

Nkuko avyivugira ngo kuva akiri muto yarakunda kuririmba kenshi no kwi shure aho yisanga ari mu migwi Imigwi itamba canke Iririmba. Ati:”NARAVYIYUMVAMWO CANE ARIKO SINIYEMERA GUSHIKA AHO NAGIYE KWIPIMA NJA MURI STUDIO MU MWAKA WA 2011 UMWAKA NATANGURIYEKO KAMINUZA.” Aho naho Patrick Simbizi akemeza ko yabandinirijeko aho yanashoboye gukuza impano yiwe gushika naho yaciye ahura n’iyindi misore bavyumva kumwe baca bashinga Umugwi Mirror Team.

 

Patrick Simbizi ari hagati mu Giteramo batumiwemwo nk'umugwi Mirror team
Patrick Simbizi (hagati) mu Giteramo batumiwemwo nk’umugwi Mirror Team                                                                                                                                                                                                                                                                                                                                     Twarashoboye kumubaza ko hoba hari ikintu umuziki wiwe woba umaze kumugezako yatwishuye ko ahanini ikintu amaze kwunguka ari Ubucuti n’abantu batandukanye kandi ko amaze no kumenyekana ahatari hake gusa akababazwa nuko umuziki utarashobora kumubeshaho ngo ushoke unamuha n’imitahe yo kurangura imigambi yiwe umwikomo akawegeka kubantu batitwararika ivy’umuziki aho akadomako urutoke kubantu bafise imitahe birengagiza urudandazwa rw’umuziki aho anidogera ibimenyeshamakuru vyovyo bidafasha mu kwumvisha abantu ivy’urwo rudandazwa. Akanasaba Leta ko yotegeka ibimenyeshamakuru guha umwanya ukwiye ibikorwa vy’ABARUNDI Gutyo bitume abarundi bakunda ivyabo.                                          Tumubajije mu migambi afise muri 2018 yatwishuye ko we n’umugwi asanzwe ahurikiyemwo wa Mirror Team bagiye kuba akarorero aho bagiye gucira inzira abandi baririmvyi gutyo bakore ivyabandi batarakora, akanasaba ko Ibigo vya Leta bijejwe gukingira ibikorwa vy’abaririmvyi ko vyobaba hafi kuko mu mwaka wa 2018 bizeye Kuzodandaza ibikorwa bazokora haba kubutaka bw’UBURUNDI canke hanze yabwo narirya gahunda nyamukuru bafise iriyo kwagura Imbibe.                                               
 Patrick Simbizi arikumwe na Mirror Team mu ndirimbo Nyengenga.

 

Simbizi

Posted in ENTERTAINMENTTagged Mirror Team, Patrick Simbizi

Post navigation

WATCH NEW VIDEO :- Reka Ngukunde By R Kenny
Film KURUBONE nshasha y’ikirundi iguma ibicabigacika bashaka igice c’5

Related Post

  • AKES DON na CHRIS & JUNIOR bakoranye indirimbo yambere ya Gospel
  • Abafana biwe SAT-B bamuhamagara umubeshi aguma abafata nka marofa
  • Kubwa BIG FIZZO ubu azokorana n’abastar bo muri East Africa bakomeye
  • Umva LOLILO yavuze ko afise bifu n’inzara nayo BIG FIZZO ntibayifitaniye
  • UMURIRIMVYI JEAN MARIE MUCO ASABABARUNDI BAMUSHIGIKIRE
  • Film KURUBONE niyambare iramamaye mu Burundi bwose n’ibulaya hose
  • Vuba LOLILO azanye video nshasha izobatangaza y’indirimbo KAMOJA
  • Abazaniye VICHOU LOVE indirimbo yakoze na KNOWLESS mu Rwanda
  • Ati biteye isoni AKES DON yakoze COPY y’indirimbo ya BEBE COOL

1 thought on “ABAGENZI BOBO WARABAMPAYE 2018 UZOMPA ISABUNI”

  1. Amory Andy says:
    January 12, 2018 at 9:44 am

    MIRROR TEAM IZOSHIKAA

    Reply

Leave a Reply Cancel reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

FOLLOW UMUDUNDOWACU.COM

VIDEO PREMIERE

CLICK IMAGE TO WATCH NEW VIDEO | Tungi By T-max Ft Nay Wa Mitego

VIDEO OF THE WEEK

Copyright © 2018 UMUDUNDO WACU | Designed By FRANCK PRO Live