Buri muntu agira aho yigira canke atahurira ko hari ikintu kimurimwo. Kenshi bivana naho aba yarakuriye ndetse nabo baba barakuranye. Inyishu zikunda gutangwa n’abaririmvyi benshi usanga ari Abakristo bakunda kwishura ko bakuriye muri Sunday School muga bitandukanye n’uno muririmvyi azwi kw’izina rya Patrick Simbizi asanzwe ari mubagize umugwi Mirror Team.
Patrick Simbizi
Nkuko avyivugira ngo kuva akiri muto yarakunda kuririmba kenshi no kwi shure aho yisanga ari mu migwi Imigwi itamba canke Iririmba. Ati:”NARAVYIYUMVAMWO CANE ARIKO SINIYEMERA GUSHIKA AHO NAGIYE KWIPIMA NJA MURI STUDIO MU MWAKA WA 2011 UMWAKA NATANGURIYEKO KAMINUZA.” Aho naho Patrick Simbizi akemeza ko yabandinirijeko aho yanashoboye gukuza impano yiwe gushika naho yaciye ahura n’iyindi misore bavyumva kumwe baca bashinga Umugwi Mirror Team.
Patrick Simbizi (hagati) mu Giteramo batumiwemwo nk’umugwi Mirror Team Twarashoboye kumubaza ko hoba hari ikintu umuziki wiwe woba umaze kumugezako yatwishuye ko ahanini ikintu amaze kwunguka ari Ubucuti n’abantu batandukanye kandi ko amaze no kumenyekana ahatari hake gusa akababazwa nuko umuziki utarashobora kumubeshaho ngo ushoke unamuha n’imitahe yo kurangura imigambi yiwe umwikomo akawegeka kubantu batitwararika ivy’umuziki aho akadomako urutoke kubantu bafise imitahe birengagiza urudandazwa rw’umuziki aho anidogera ibimenyeshamakuru vyovyo bidafasha mu kwumvisha abantu ivy’urwo rudandazwa. Akanasaba Leta ko yotegeka ibimenyeshamakuru guha umwanya ukwiye ibikorwa vy’ABARUNDI Gutyo bitume abarundi bakunda ivyabo. Tumubajije mu migambi afise muri 2018 yatwishuye ko we n’umugwi asanzwe ahurikiyemwo wa Mirror Team bagiye kuba akarorero aho bagiye gucira inzira abandi baririmvyi gutyo bakore ivyabandi batarakora, akanasaba ko Ibigo vya Leta bijejwe gukingira ibikorwa vy’abaririmvyi ko vyobaba hafi kuko mu mwaka wa 2018 bizeye Kuzodandaza ibikorwa bazokora haba kubutaka bw’UBURUNDI canke hanze yabwo narirya gahunda nyamukuru bafise iriyo kwagura Imbibe. Patrick Simbizi arikumwe na Mirror Team mu ndirimbo Nyengenga.
MIRROR TEAM IZOSHIKAA